SBS Kirundi - SBS mu Kirundi
SBS
0
SBS Kirundi itanga amakuru yigenga n'inkuru ziva muri Australie no ku isi yose. Ihuza abavuga Ikirundi baba muri Australie n'ubuzima bwo muri iki gihugu. Ikoresha kandi inkuru z'umuryango, umuco, na societe kugira ngo abantu bumve bahuza n'iwabo. Abumva baronka amakuru yizewe kandi yoroshye kumva ku buzima muri Australie n'isi yose.
Folgen
-
Kuki ubutegetsi butandukanye, kandi ni gute bugukingira? | Ingene Australiya ikora 30.09.2026 7Min.Inyuma yo gucibwa ihadabu kubera ko atari yambaye neza igikingira umutwe ari ku moto yiwe, Hugo yafashe ingingo yo gushikiriza ico kibazo sentare. Inkuru yiwe iradufasha gutahura ingene Inama Nshingamateka, Reta nama sentare bifise amabanga atandukanye, hamwe n’ingene zimwe mu ngingo canke ingingo zifatwa n’abategetsi zishobora gusubirwamwo.How Australia Works ni urukurikirane rw'ikiganiro ca SBS gikoresha inkuru z’ukuri n’insiguro zumvikana neza kugira ngo igufashe gutahura ingene ubutegetsi bukora muri Australiya, ingene amategeko ashirwaho kandi agahindurwa, hamwe n’ingene nawe ushobora kugira ico uterereye mu bibazo vyerekeye igihugu.Umvirize uru rukurikirane rw’ibiganiro, kandi uronke n’incamake zabwo mu ndimi 60 zitandukanye ku rubuga nyamukuru rwa How Australia Works. -
Ninde vyukuri atwara Australiya, woba ufise ikibanza icahe | Ingene Australiya ikora 22.09.2026 9Min.Woba uzi uwoshobora kugufasha igihe ukeneye uruhusha rwo gutangura kwikorera utwawe, ufise ikibazo kijanye nokuriha inzu ubamwo canke ukeneye imfashanyo yo gufasha umuryango wawe? Biciye mu ntahe za Fedele, Carol na Abeer, tahura ingene inzego zitatu z’ubutegetsi bwa Australiya zikora. Menya ico ubutegetsi bw’akarere (local government), ubwa reta (state ari nayo territory government), n’ubw’igihugu (federal government) bujejwe gukora, hamwe n’aho wokwitura kugira uronke amakuru, imfashanyo canke serivisi ukeneye.How Australia Works ni urukwirikane rwikiganiro ca SBS gikoresha intahe n’insiguro zoroshe kugira igufashe gutahura ingene ubutegetsi bwa Australiya bukora, ingene amategeko ashirwaho canke ahindurwa, hamwe n’ingene nawe ushobora gushikiriza iciyumviro. Niwumvirize uru rukurikirane rwose, kandi uronke n’incamake z’ibiganiro mu ndimi 60 zitandukanye uciye kuri How Australia Works. -
Waramaze kuba uwaha | Ingene Australiya ikora 22.09.2026 4Min.Inzego za reta za Australiya, amategeko n’ibikorwa vya reta vyoba bigira gute ingaruka mubuzima bwawe bwa minsi yose? Biciye mu ntahe, iki gice gitangura curukurikirane rwibiganiro vyabaye kirakwereka aho wokura amakuru n’imfashanyo igihe ubikeneye, hamwe n’ingene wobaza ivyerekeye ingingo yafashwe.How Australia Works ni urukwirikane rwikiganiro ca SBS gikoresha intahe n’insiguro zoroshe kugira igufashe gutahura ingene ubutegetsi bwa Australiya bukora, ingene amategeko ashirwaho canke ahindurwa, hamwe n’ingene nawe ushobora gushikiriza iciyumviro. Niwumvirize uru rukurikirane rwose, kandi uronke n’incamake z’ibiganiro mu ndimi 60 zitandukanye uciye kuri How Australia Works. -
Woba utinya urushinge? Ubushakashatsi bushobora kurangiza ibipimo bikorwa harinze kuvomwa amaraso 12.06.2026 12Min.Patrick Rufangura ariko ararangiza ivyirwa vyiwe vya PhD kuri kaminuza imwe muri Sydney, yakoze ubushakashatsi bushobora guhindura amateka y'isi mw'isuzumwa ry'indwara harinze gufatwa amaraso. Ng'uku uko yabisiguye. -
Orphan Relative Visa: Ni nde yoyisaba? 26.11.2021 9Min.Iyo visa ihabwa impfumvyi izwi nka Orphan Relative visa (subclass 117) n'imwe muri visa abimukira bashaka kuba muri Australia bosaba. Ariko ikibazo ni, Ni nde yemerewe kuyisaba? Asabwa iki? -
Uko utegura umusi niko wabwirizwa gutegura ijoro, wobigenza gute? 22.11.2021 11Min.Mu gihe ingingo zo kurwanya COVID-19 zakuweho, bamwe batekewe n'ubwoba bwo gusubira mu buzima busanzwe. Menya bimwe ukwiye kwirinda kugira ngo udahava usanga wuzuranye ifaranga, ukabura abawe. -
A.T.M JEFF yahishuye ibanga ryamufashije igihe yagira isanganya ryahatswe kuzimanganya ubuzima bwiwe 20.11.2021 9Min.Inyuma y'umwana urenga umuririmvyi A.T.M JEFF adakora cane, uwo muririmvyi arahishura ingene umuziki wamufashije mu gihe yari yataye ivyizigiro vyo kuririmba inyuma y'isanganya ryahatswe kuzimanganya ubuzima bwiwe. -
Igisata c'ubuvuzi cigenga kirageramiwe muri Australia 14.11.2021 5Min.Abakiri bato mubanye Australia babandanya bisokora murico gisata ku rugero ruteye amakenga. Ivyo bikaba vyatumye ababijejwe eka n'amashirahamwe yandi guhamagarira reta ngo ikore ibishoboka ico gisata gihurumbirwe. -
Amategeko y'ibarabara atazwi kandi umuntu wese muri Australia akwiye kumenya 13.11.2021 11Min.Wari uzi yuko wotozwa ihadabu muri Tasmania kubera gukoresha GPS kuri terefone yawe uri mu ngendeshwa. Turabashikiriza amategeko y'ibarabara atazi ariko yogufasha kwirinda kwica amategeko mu ma barabara yo muri Australia. -
Woba uzi ingaruka amabere bateragira mu bakenyezi atera? Ng'ibi ivyo Australia igiye gukora 13.11.2021 5Min.Muri Australia havugwa yuko hashobora guhagarikwa ubwoko bugera umunani bw'amabere batera mu bakenyezi, kuko ayo mabere ashobora kuba intandaro y'indwara ya cancer ifatira mu maraso, ariko gushika ubu ivyo bikaba bikiriko biratohozwa.. Ikigo Therapeutic Goods Administration (TGA) cavuze yuko kibaye gihagaritse igurishwa ryayo mabere mu kiringo c'amezi atandatu. -
Umuvyeyi yokora iki umwana wiwe anyuzuye canke bamunyuzuye 31.10.2021 10Min.Umwana umwe kuri bane mu baba muri Australia baranyuzurwa ku mashuri aho biga. Nk'umuvyeyi birashobora ku kugora mu kumenya ico wofata mu gihe umwana wawe anyuzuwe canke mu gihe anyuzura abandi. Uko biri kwose ni vyiza kugenda kurondera ubufasha kubahinga bakakugira inama. -
Ng'ibi ivyo kominote zitegekanya gukora inyuma ya guma mu rugo 30.10.2021 12Min.Inyuma y'amezi arenga ane, kominote zo muri NSW na Victoria zashize imbere izo zizobanza gukora ubwa mbere zihuye inyuma y'amezi atari make kubera ingingo zo kurwanya ikiza. Menya bimwe muvyo bashize imbere kurusha ibindi. -
"Impungenge nari mfise k'umuryango ny'Afrika muri Australia ziriko ziragabanuka", Dr. Emmanuel Ndayisaba 30.10.2021 11Min.Ingaruka mbi ikiza COVID-19 gisiga mu mubiri w'umuntu zirutwa n'ivyiza uruncanco rumuha. Benshi muba ny'Afrika batanguye kurinduka mu kwikingiza, aho mu misi iheze ngo wasanga no kubiyaga hagati yabo atari ku bwinshi. Kurikirana Muganga Ndayisaba uko yasiguye. -
Ng'ibi bimwe mu bimenyetso vy'indwara y'umutima 23.10.2021 11Min.Woba uzi amagara y'umutima wawe? Ni vyiza ko umenya inyishu yavyo kuko indwara y'umutima ihitana benshi muri Australia. Ivyigwa vyo mu 2017 vyerekana yuko umwe mubanye Australia batatu ntibazi ibimenyetso vyibanze. -
Menya ivyo bagiye gukora inyuma y'imyaka ibiri badasohoka 23.10.2021 11Min.Inyuma y'imisi irenga ijana- imiryango yaratandukanijwe n'ababo, abikorera utwabo barugara, abarenga 350 barapfa, ariko ibintu vyasubiye mu buryo kuri bamwe, none bamwe n'abandi bafise ivyihuta kurusha ibindi bagiye gukora. Ng'ibi. -
Kumenya ibimenyetso vy’indwara yo mu mutwe mbere 15.10.2021 13Min.Abantu bafise indwara zo mu mutwe akenshi bisanga bagize ubumuga bwo k’umubiri. Zirengangijwe, indwara zo mu mutwe zirashobora guteza ibindi bibazo bikomeye cane. Ariko habonetse ubufasha ku gihe, umuntu arashobora gukira akaba mu zima kandi agakomera cane. -
SBS yatanguje isubirwamo rya serivisi y'indimi ikoresha 15.10.2021 7Min.SBS yatanguje igikorwa gisubiramo serivsi z’indimi ikoreshwa mu gihe ico kinyamakuru citegurira guhimbaza imyaka 50. Ivyo vyigwa bizokoresha ivyavuye muri rusansuma kugira ngo bifashe itunganywa z’indimi zizokoreshwa mu myaka itanu iza. -
Gutwarwa n'ikoreshwa ry'imbuga hwaniro wobihindura bikaguha umwimbu mwiza mu buzima bwawe 14.10.2021 11Min.Imbuga hwaniro (Social media) zahinduye ubuzima bwa benshi kuba bwiza, ariko kandi zihungabanya mbere zinamugaza benshi burundu. Ariko wari uzi yuko woshobora guhindura ikoreshwa ryazo bigahindura umwimbu w'ubuzima bwawe? Umviriza uko vyogenda. -
Insiguro ya 'Bridging' viza muri Australia 13.10.2021 13Min.Muri Ntwarante 2021, ibitigiri vy'abafise 'Bridging' viza muri Australia vyariyongeye ku rugero rutaribwabeho. None 'Bridging viza ni izahe, zoba zizanana n'ubuhe bwigenge? -
Ivyo banki idashaka yuko umenya, ingaruka zo gusaba ingurane ngo urihe ingurane 09.10.2021 16Min.Hariho ivyiza n'imfashanyo uronka ivuye muri reta/ intara uherereyemo iyo uguze inzu ubwa mbere. Ariko iyo umaze kugura inzu ukayiriha imyaka mike, ngo har'ivyo kwitonderwa mu gihe wokwipfuza gusaba ingurane ngo urihe ideni, vyasiguwe na Dogiteri NDAYISABA Gilbert, umwigisha w'ivy'ubutunzi muri kaminuza muri Melbourne.
Beliebt in
Dieser Podcast erscheint auch in den Podcast-Charts dieser Länder.